Igihugu ca Etiyopiya casibije amatora yari ategekanijwe mu kwezi kw’umunani kubera ikiza ca corona.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora ejo ku musi wa kabiri ni ho watangaza iyo ngingo yaciye yemerwa n’imigambwe imwe imwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ayo ni amatora abenshi bavuga ko yari kwerekana ukuntu ubutegetsi bw’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yanaguye ibitari bike bwifashe, muri ico gihugu cahoze gitwarwa n’abategetsi b’igitugu.
Uyo murwi ujejwe gutunganya amatora wavuze ko wafashe ingingo yo kuyunguruza kubera ikiza ca Corona, wongera uvuga ko uzotangaza igenekerezo rishasha ry’amatora, igihe ico kiza kizoba kimaze guturura.
Facebook Forum