Uko wahagera

COVID19: Amerika Igiye Gukura Abasirikare Bayo muri Afuganistani


Amerika itegekanya gukura abasirikare bayo muri Afuganistani imbere y’igihe cari carategekanijwe kubera ubwoba bw’umugera wa Corona.

Amasezerano Reta zunze ubumwe za Amerika yari yarasinye n’Abatalibani mu kwezi kwa kabiri yategekanya ko izoba yagabanije abasirikare bayo kuva ku 12 000 gushika ku 8 600 hagati mu kwezi kw’indwi. Yategekanya kandi ko bose bazoba bavuye muri Afuganistani mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2021.

Ariko umutegetsi akomeye mu gisirikare ca Amerika yashikirije ko ubu abasirikare basigaye muri Afuganistani bashika ku 7 500, kandi ko Amerika iriko iraraba ingene yokwihutisha kubakurayo kubera ubwoba bw’umugera wa corona. Uwo mutegetsi avuga ko abasirikare basanzwe bafise ibibazo vy’amagara n’abakuze mu myaka ari bo bazoshirwa imbere y’abandi mu gutahukanwa ubwa mbere.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi, Liyetena Colonel Thomas Campbell, yashikirije kuri uyu wa gatatu ko naho bimeze uko, reta ya Amerika izobanza kuraba ingene umutekano wifashe muri Afuganistani. Ikindi ngo Abatalibani betegerezwa kwerekana ko bubahiriza ibiri mu masezerano basinyiraniye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG