Ibihugu vyo muri Afrika vyasavye ibihugu bitunze kurusha ibindi, harimwo Ubushinwa, guhebera canke gusubiramwo amadeni akomeye vyaronse. Ni mu gihe ubutunzi bw’ibihugu vyo muri Afrika bugeramiwe bikomeye n’ikiza c’umugera wa Corona.
Mu nama abashikiranganaji bajejwe ikigega bo muri Afrika bagize ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, basavye ibihugu biteye imbere mu vy’ubutunzi n’ibihugu biriko biratera imbere bigize umurwi G-20 guha ibihugu vyabo imiliyaridi 100 y’amadolari yihutirwa agenewe kugarukira ubutunzi bwavyo, harimwo n’uguheberwa amadeni y’agaciro k’imiliyaridi 44 y’amadolari.
Bamenyesha ko n’iyo ikiza c’umugera wa Corona cabandanya iyindi miliyaridi y’amadolari ishobora kuzokenerwa mu mwaka uza.
Ku bw’ikigega mpuzamakungu FMI, ibihugu bitari bike vyo muri Afrika biri mu bibazo bikomeye cane vy’amadeni. Ikigega mpuzamakungu FMI kivuga ko igihugu c’Ubushinwa ari co giha amadeni manini manini cane ivyo bihugu.
Facebook Forum