Uko wahagera

Covid-19 Yiyongereye mu Bihugu Birimwo u Rwanda na Uganda


Bamwemu banyagihugu bari ku bitaro vya Butanda muri Uganda. Kuri ino foto yafashwe mu kwa kane, bari barindiriye gucandarwa
Bamwemu banyagihugu bari ku bitaro vya Butanda muri Uganda. Kuri ino foto yafashwe mu kwa kane, bari barindiriye gucandarwa

Abanduye virusi ya Corona kw’isi yose barenze imiriyoni 178. Kaminuza ya Johns Hopkins iri mu gisagara ca Baltimore aha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika akaba ari nayo itanga amakuru ku mwanya ku mwanya ku vya Covid-19, mu biharuro vyayo bishasha yerekanye ko abamaze guhitanwa na Corona ari imiriyoni 4.

Ubuhindi buracaza mu bihugu biri imbere mu bwandu: Abanduye mw’ijoro rimwe bagera ku bihumbi 58, bisigura ko abamaze kwandura muri rusangi ari amamiriyoni 30. Reta zunze ubumwe z’Amerika iri imbere mu bwandu: Abanduye barenga imiriyoni 33 n’ibihumbi 500.

Muri Uganda naho nyene ibitigiri vy’abanduye vyongerekanye cane. Igisata c’amagara y’abantu muri ico gihugu kivuga ko ku munsi ku munsi handura abagera ku 1400 mu gihe abahitanwa n’uno mugera bagera kuri 30. Mu bo kaminuza ya Johns Hopkins ivuga ko baraye batoweko ubwandu, harimwo umwe mu banonotsi bo muri ico gihugu, aja yari yamaze gushika i Tokyo ku murwa mukuru w'Ubuyapani kwitegurira imikino ya Olimpike.

Hagati aho, amakuru dukesha ikimenyeshamakuru Igihe candikira mu Rwanda avuga ko ibiharuro vy’abarembejwe na virusi ya Corona mu bitaro vya Nyarugenge bivurirwamwo abarwaye uwo mugera vyigwije incuro zine muri ino ndwi, 40% vy’abarwayi bakaba bari ku mamashini abangerereza umwuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG