Uko wahagera

Covid-19 Yatumye muri Kameruni Banwa Inzoga Zirengeye Urugero


Ifoto y'umuntu yihereza akayeri
Ifoto y'umuntu yihereza akayeri

Abategetsi muri Kameruni batangaje ko ikiza ca Corona catumye haba ukunywa inzoga birengeye urugero, cane cane izitemewe n’amategeko. Amashirahamwe y’abaguzi muri Kamerune asaba ko reta ihagurukira urudandazwa rw’ibinyobwa n’imiti bitemewe n’amategeko.

Ejo ku musi wa mbere abantu amajana n’amajana bazindukiye kuraba ihagarikwa ry’ivyo reta yise urudandazwa rw’ikinyobwa ca Whisky y’inyiganano z’imiti mw’isoko rya Elig-Edzoa ku murwa mukuru wa Yahunde.

Abategetsi mu bushikiranganji bujejwe urudandazwa mu mahanga hamwe n’igipolisi bari muri ivyo bikorwa mu gihe wari umusi wahariwe uburenganzira bw’abaguzi.

Pauline Biloua, akora mu biro vy’inama nkuru y’igihugu ijejwe ineza n’ uburenganizira bw’abaguzi, avuga ko bafashe inzoga zitemewe n’amategeko zishika ku bihumbi n’ibihumbi mu maduka agera ku 200 no mu bunywero 350.

Inama nkuru y’igihugu ca Kameruni ijejwe amagara y’abantu imenyesha ko mu mwaka w’ 2020, abantu bashika ku 7,500 bitavye Imana bitewe n’ingwara z’igitigu zivuye ku kunywa ibinyobwa bitemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG