Uko wahagera

Covid-19: Ubutunzi bw'Amerika Buriko Buranaguka Buke Buke


Icapa cerekana imwe mu nzu y'ukwivuniramwo umusase ivuga ko yongeye gutanga akazi muri Amerika
Icapa cerekana imwe mu nzu y'ukwivuniramwo umusase ivuga ko yongeye gutanga akazi muri Amerika

Ibitigiri vy'abatagira akazi kubera ikiza ca Covid-19, basaba gufashwa muri Reta zunze ubumwe z'Amerika vyagabanutse. Ubushikiranganji bujejwe akazi muri Amerika butangaza ko abasavye gufashwa mu ndwi iheze ari ibihumbi 547. Bagabanutseko ibihumbi 39 ugereranije n’abari babisavye mu ndwi yabanjirije iyiheze.

Ni ubwambere abasaba gufashwa babaye bake kuva mu mwaka uheze, bukaba ubwa gatatu bagiye munsi y’ibihumbi amajana indwi muri ico kiringo nyene. Ubushikiranganji bw’akazi buvyemeza buvuga ko hari ibimenyetso vyerekana ko ubutunzi bw’Amerika bwari bwarabangamiwe n’ikiza ca Virusi ya Corona buriko buranaguka.

Ubwo bushikiranganji busigura ko agahengwe kabonetse kariko gatangwa n’ibitigiri vyinshi vy’abamaze kuronka incanco zose, basubiye kwiyandikisha mu mazu atandukanye yo kwinonoreramwo imitsi, abasubiye kuja barasohokera mu mazu yo kwivuniramwo umusase, n’abariko barafata ingendo zitandukanye bari barahagariste imbere yo guhabwa incanco.

Amareta amwe amwe ariko arakuraho kandi amategeko yo kwambara ubufukamunwa, yongera aha impusha abakora ivyashara bitandukanye zo gukora nkuko vyamye imbere y’ikiza ca Covid-19. Ibi, ku bw’ubushikiranganji bujejwe akazi bizotuma ibintu bigenda neza gusumba uko biri. Hagati aho, ikigega ca Reta (Federal Reserve), citeze ko uno mwaka ubutunzi bw’Amerika buzokwiyongera ibice 6.5%.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG