Uko wahagera

COVID-19: Ubushinwa Bwahagaritse Amwe mu Mahinguriro y'Amerika


Indra Nooyi atwara ihinguriro Pepsoco riri mu yahagaritswe

Ubushinwa bwaraye buhagaritse urudandazwa rw’inkoko ziva muri Amerika bwongera buhagarika ihinguriro Nyamerika ryitwa PepsiCo rihingura ibinyobwa n’infungurwa.

Ibiribwa vyose vyinjira mu bushinwa bivuye mw’ihinguriro ryitwa Tyson Foods na vyo vyahagaritswe muri ico gihugu. Abategetsi muri ico gihugu bavuze ko ari ingingo bafashe mu ntumbero yo gukumira ikiza ca Virusi ya Corona.

Ayo mahinguriro yose afatiwe ingingo avugwamwo abakozi basanganywe ubwandu bwa Virusi ya Corona. Mu gisagara ca Pekin aho ari, hambavu y’abo bakozi, abandi bantu 22 ejo ku wa Mungu batoweko umugera wa COVID19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG