Uko wahagera

Covid-19: Uburundi Bwahagaritse Imanza n'Imisi Mikuru Hagati mu Ndwi


Umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi Thadee Ndikumana

Imanza n’imisi mikuru vyose vy’imiryango vyahora bikorwa mu Burundi hagati mu ndwi birahagaritswe kiretse gushingura abitavye Imana n’imihango bijana. Biri mu rwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashikirije ba buramatari b’intara zose z’Uburundi rwagiye ahabona kuri uno wa mbere. Ni mu ntumbero yo gutuza ikiza ca covid-19.

Abari mu gisata c’amagara y’abantu barakenguruka iyo ngingo ariko bakamenyesha ko idahagije. Muri urwo rwandiko, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, Gervais Ndirakobuca yandikiye ba buramatari abamenyesha ko hibonekeza ikwirakwira ry’umugera wa Corona mu gihugu. Yabamenyesheje ko bituruka ko henshi mu gihugu abantu biraye bigatuma ingingo zo kwikingira zidakwirikizwa na cane cane mu bantu bateye imbere.

Yaciye amenyesha ba buramatari ko kubera uko kwirara kw’Abarundi imanza zose ziba hagati mu ndwi zihagaritswe, imanza n’imisi mikuru bikazohora bikorwa ku wa gatandatu no ku w’Imana gusa. Yasavye uwurongoye igipolisi c’Uburundi gufasha kugira iyo ngingo yubahirizwe.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baganiriye na Radiyo Ijwi ry’Amerika muri rusangi barashima iyo ngingo. Ariko n’amakenga ntabuze. Martin Ninteretse yamenyesheje ko mu bindi bihugu iyo ibiharuro vy’abandura vyiyongera ku rugero ruri hejuru hafatwa ingingo zo kugumiza abanyagihugu mu mazu arico gituma amenyesha ko iyo ngingo ari ntabanduka.

Ni mu gihe hari abavuga ko hari imanza zari zimaze gutegurwa imbere y’uko iyo ngingo isohoka. Mu bakwirikiranira hafi ikibazo c’amagara y’abantu babona ko iyo ngingo ari nziza naho hari ibikibuze. Côme Konakuze, umushakashatsi ku ngwara zandukira mu karere ka Afirika yo musi ya Sahara amenyesha ko hagikenewe vyinshi kugira ako karanda gatuzwe.

Uwo mushakashatsi asaba abarongoye abandi kubera akarorero abo barongoye mu gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe. Asaba kandi reta gutera intambwe, ikemera ko abanyagihugu bacandagwa ikanabahimiriza nk’uko biriko biragenda kw’isi yose. Bitagenze uko Côme Konakuze amenyesha ko gutuza ico kiza bitazokunda mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG