Uko wahagera

COVID-19: Ubumwe bwa Bulaya mu Nama yo Kunagura Ubutunzi


el during a round table meeting at an EU summit in Brussels, July 17, 2020.
el during a round table meeting at an EU summit in Brussels, July 17, 2020.

Inama y'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi ku migambi igenewe kunagura ubutunzi mu kiringo c'inyuma y'ikiza c'umugera waCorona yatanguye uno musi ku wa gatanu.

Abategetsi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi bahuye amaso mu yandi uno musi ku wa gatanu i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi mu bubaye ubwa mbere mu kiringo c’amezi atanu inyuma y’uko ikiza c’umugera wa Corona cadutse.

Yamara ntibisa n’uko iyo nama izohuza ivyo abo batumvikanako ku bijanye n’amafranga yokoreshwa mu ntumbero y’ukugarukira ubutunzi mu bihugu bigize uwo muryango mu kiringo c’inyuma ya Covid-19.

Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, yagarutse i Bruxelles kugira arabe ko ibiganiro amaso mu yandi bishobora kuronka inyishu ku miliyaridi 750 y’amayero akenewe mu mugambi w’ukunagura ubutunzi bw’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi bwasinzikajwe n’ikiza ca Corona.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, yatangaje ko inama yatanguye uno musi ku wa gatanu ari inama ihambaye cane y’ukuvugana ukuri. Yasiguye ko akarere k’Ubulayi kariko gaca mu bibazo bitari bwibonekeze imbere yaho,haba ku bijanye n’amagara y’abantu canke imibano. Kuri we, iyo ni intandaroyogukorera hamwe kurushiriza mu gufata ingingo zikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG