Uko wahagera

Covid-19: Ivyigwa Vyerekanye ko Urucanco rwa AstraZeneca Rukora


Ivyigwa vyakorewe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyerekana ko urucanco rwa covid-19 AstraZeneca rukora ku bantu bose bakuze. Isosiyete ihingura imiti, AstraZeneca, uyu musi ku wa mbere yatangaje ko urucanco rwa covid-19 rwayo rwakingiye abantu bose bakuze baruhawe, inyuma y’aho Reta ya Amerika irangirije ubushakashatsi yakoze bwari burindiranywe igishika.

Ivyo bishobora gutuma abantu basubira kurugirira icizere no mu bindi bihugu, kandi rutangura no gutangwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo sosiyete yavuze ko urwo rucanco wakingiye abantu ikiza ca covid-19 ku rugero rwa 79%, barimwo abatama, kandi ko mu bantu bose bemeye kurufata muri ico gihe c’ubwo bushakashatsi, ata n’umwe yagwaye canke ngo aje mu bitaro.

Abarongoye iyo sosiyete bavuga kandi ko abashakashatsi babo basanze ata makenga urwo rucandago ruteye ajanye n’ivyari vyaratangaje mu bihugu vya Bulaya ko rutuma amaraso y’abarutewe avurirana.

AstraZeneca yaciye itangaza ko igiye gusaba uburenganzira mu misi ya vuba bwo kurushikana muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG