Uko wahagera

COVID-19 Isibije Amasezerano Yorosha ivy'Ubudandaji muri Afurika


Ikarata y'Afurika
Ikarata y'Afurika

Gutanguza icese ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'uruja n'uruza ata ntambamyi mu vy'ubudandaji mu karere ka Afrika vyigijweyo inyuma kubera ikiza c'umugera wa Corona.

Vyari bitegekanijwe ko ishirwa mu bikorwa vy’ayo masezerano ritangura kw’italiki 1 y’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka w’i 2020.

Wamkele Mene, umunyamabanga mukuru w’akarere k’uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji muri Afrika avuga ko umuntu aravye uko ibintu vyifashe muri iki gihe, amasezerano yerekeye ako karere adashobora gutangura gushirwa mu bikorwa kw’italiki 1 y’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Mene ntiyatangaje ikindi gihe amasezerano y’uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji mu karere ka Afrika azotangura gushirirwako mu ngiro. Akarere ayo masezerano yerekeye kagizwe n’ibihugu 55 vyo muri Afrika. Karimwo abantu umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu. Ni ko karere kanini cane kw’isi k’uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji kuva ishirahamwe rijejwe ubudandaji kw’isi, OMC, rishinzwe mu mwaka w’i 1994.

Wamkele Mene arishimiye ko amasezerano y’uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji mu karere ka Afrika azoruhira gushirwa mu bikorwa. Avuga ko ukwiyemeza ku vyerekeye ayo masezerano n’ukuyashira mu ngiro kw’abanyapolitike kukiriho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG