Uko wahagera

COVID-19: Ibitigiri vy'Abatagira Ubuzi muri Amerika Vyagabanutse


Bamwe mu Banyaihugu bari ku mirongo barindiriye gufashwa muri Reta ya Kentucky

Ibitigiri vy'abatagira ubuzi basaba gufashwa muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika vyagabanutse ugereranije n'uko vyari bimaze iminsi. Ubushikiranganji bujejwe ivy'akazi buvyemeza buvuga ariko ko bikiri hejuru ugereranije n'uko vyahoze mu mateka y'Amerika.

Ubwo bushikiranganji busigura ko abasavye gufashwa mu ndwi iheze mu gihugu cose ari ibihumbi 751. Ugereranije n’indwi yabanjirije iyiheze bagabanutseko ibihumbi indwi. Kuva mu myaka ya za 60, ni ubwa mbere yamara abasaba gufashwa badakora ahanini bivuye ku biza baduze cane.

Muri rusangi, abatagira akazi muri bino bihe ni imiliyoni indwi n’ibihumbi amajana atatu nkuko ubushikiranganji bujejwe akazi bubandanya bubivuga: Ni ukuvuga ko ibice 5 kw’ijana vy’abanyamerika badafise ubuzi. Amabwirizwa yo kwingira ikiza ca Corona agitangura gukazwa mu kwa kane, muri rusangi abatari bafise ubuzi bari ibice 14.7 kw’ijana.

Ubushikiranganji bujejwe ivy’ubudandaji muri Amerika na bwo butangaza ko kuva mu ndwi iheze, ubutunzi bw’Amerika bwaduze kugera ku bice 7.4% ugereranije n’uko bwari buri kuva mu kw’indwi kugera mu kw’icenda.

Ubwo bushikiranganji buriteze naho biri uko ko ubutunzi busubira hasi mu mezi atatu ya mbere y’umwaka uza bivuye ku biharuro vya COVID-19 bibandanya kuduga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG