Uko wahagera

Covid 19: Amerika Yatanze Ingabire y'Incanco Zigera kuri Miliyoni 110


Perezida w'Amerika Joe Biden avuga ku byerekeye inkingo za Covid 19
Perezida w'Amerika Joe Biden avuga ku byerekeye inkingo za Covid 19

Ibiro vya Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, White House, vyarungitse ingabire y'incanco za Covid-19 zigera ku miriyoni 110 mu bihugu 60.

Itangazo Prezidanse ya Amerika yasohoye rivuga ko igice kinini c’izo ncanco carungitswe biciye mu mugambi wo gukwiragiza incanco kw’isi, COVAX, wegukira ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw'isi, OMS, no mu migambi itandukanye yo gufashanya mu makungu irimwo iy’ubumwe bwa Afrika n’iy’ibihugu vyo muri Karayibe.

Ibiro vya Prezida w'Amerika vyavuze ko mu gutanga iyo ngabire bishize mu ngiro umuhango Prezida Joe Biden yari yemeye wo kuzotanga incanco zigera ku miriyoni 80 mu bihugu bitandukanye.

Bitegekanijwe ko iyo ntambwe izokwirikirwa n’iyindi yo kurungika igice c’umuriyari w’incanco za Corona mu bihugu bigera kw'i 100 bikiri mu nzira y’iterambere. Muri ivyo bihugu hazorungikwa incanco zakozwe na sosiye nyamerika, Pfizer-BioNTech.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG