Uko wahagera

Cote d’Ivoire: Umushingantahe Ouattara yi yamirije umuhuza mushasha


Cote d’Ivoire: Umushingantahe Ouattara yi yamirije umuhuza mushasha
Cote d’Ivoire: Umushingantahe Ouattara yi yamirije umuhuza mushasha

Ejo umwe mu bategetsi babiri bahanganye mu gihugu ca Cote d’ Ivoire yariyamirije umuntu yagenywe kuba umuhuza mu mishamirane iri mur’ ico gihugu

Ejo umwe mu bategetsi babiri bahanganye mu gihugu ca Cote d’ Ivoire yariyamirije umuntu yagenywe kuba umuhuza mu mishamirane iri mur’ ico gihugu.

Alassane Ouattara, yemegwa n’ ibihugu vyinshi ko ariwe mukuru w’ igihugu ca Cote d’ Ivoire, mw’ itangazo yasohoye yavuze ko atawamubajije imbere y’ uko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rishikiriza izina rya Jose Brit yigeze kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri Cap Vert.

Umushingantahe Ouattara yavuze ko Brito adakwiye guhabwa ayo mabanga y’ umuhuza kubera atigeze ab’ umukuru w’ igihugu kandi afitaniye ubucuti n’ uwo bahanganye Laurent Gbagbo.

Gushik’ ubu umushingantahe Gbagbo n’ abamufasha ntaco baragira ico bavuze ku vyavuzwe n’ umushingantahe Ouattara.

Ishirahamwe ry’ ubumwe bwa Afrika niryo rir’ imbere mu bikogwa vyo gutorera inyishu uruhagarara ruri muri Cote d’ Ivoire rwatanguye igihe umushingantahe Gbagbo yanka kuva ku butegetsi inyuma yaho amakungu yemeje ko umushingantahe Ouattara ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’ igihugu, amatora yabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze.

XS
SM
MD
LG