Uko wahagera

Cote d’Ivoire: Guillaume Soro Yaciriwe Umunyororo w’Ubuzima Bwiwe Bwose


Guillaume Soro
Guillaume Soro

Guillaume Soro w’imyaka 49 yagirizwa kuba yarabangamiye umutekano w’igihugu no kuba yaragerageje gutembagaza ubutegetsi bwa Alassane Ouattara mu 2019. Urwo rubanza rw’uyo yigeze kuba atwara umurwi warwanya ubutegetsi bwa Cote d’Ivoire, ruciwe mu gihe ari mu buhungiro i Buraya.

Abandi mu bo basangiye dosiye barimwo Souleymane Kamagaté, yahoze ari umukozi mu biro vyiwe, Madame Affoussiata Bamba-Lamine yahoze ari umushikiranganji wo guhanahana amakuru ku ntwaro yiwe na Touré Moussa, yari ajejwe gutanga amakuru mu biro vyiwe, baciriwe umunyororo w’imyaka 20.

Twibutse ko mu 2020, Guillaume Soro yakatiwe umunyororo w’imyaka 20 naho nyene atahari. Ico gihe, yagirizwa ko yanyuruje amatungo ya Reta no kuba yarahatswe kwigarurira imwe mu mazu ya Reta. Ico gihe, ivyo vyaha yavyamirira kure avuga ko ari imikino ya politike.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ano makuru yose ntiryigeze rivuga ko hari ico Soro aratangaza ku gihano gishasha yasabiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG