Uko wahagera

Ikibazo ca Ruswa mu Gisata ca Gali ya Moshi mu Bushinwa


Ubushinwa bufise amwe mu matereni anyaruka cane kw’isi, ico gihugu kikaba carijukiye umugambi ujejwe gufatanya ibisagara bitari bike hakoreshejwe amatereni anyaruka cane.

Ingingo y’igihugu c’Ubushinwa y’ukugwanya bikomeye ruswa, yaragize ingaruka ku mushikiranganji akomeye ajejwe amagali ya Moshi. Liu Zhujun yahoze ari umushikiranganji ajejwe amagali ya Moshi mu gihugu c’Ubushinwa yarirukanywe, hakaba hari ivyagirizo ko amafranga arenga imiliardi ijana z’ama dollars irengero ryayo ritazwi. Itohoza rikomeye ku vyerekeye bruswa vyatumye hategwa akamo gasaba Leta y’Ubushinwa gusubira kwiyumvira ivyerekeye gushira amafranga menshi mu gisata cerekeye ama gali ya moshi anyaruka cane.

Ubushinwa bufise amwe mu matereni anyaruka cane kw’isi, ico gihugu kikaba carijukiye umugambi ujejwe gufatanya ibisagara bitari bike hakoreshejwe amatereni anyaruka cane.

Uwo mugambi w’imiliardi amajana abiri na mirongo irindwi na zine uri mu migambi y’ukwubaka amabarabara, amayira ya gali ya moshi n’iyindi migambi ifasha mw’iterambere iriko itwara imiliardi amajana n’amajana y’ama Dollars. Leta iriko irondera kwubaka ibilometero ibihumbi mirongo itatu z’amayira ya gali ya moshi canke birenga mu kiringo c’imyaka mikeyi yimirije, hafi ny’igice c’ayo mayira akazoba yerkeye amatereni anyaruka cane.

XS
SM
MD
LG