Uko wahagera

Congo: Igitero ca ADF Cahitanye 3 mu Gisagara ca Beni


Abaturage bateraniye i Beni mu Burasirazuba bwa Congo nyuma y'igitero cyitiriwe ADF
Abaturage bateraniye i Beni mu Burasirazuba bwa Congo nyuma y'igitero cyitiriwe ADF

Igitero gishasha c’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi, “Allied Democratic Forces”,ADF mu mpfunyapfunyo, cabaye ku musi wa kane cahitanye abantu 3 mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ico gisagara kirakunda kuberamwo ubwicanyi.

Umukuru w’igisagara ca Beni, Modeste Bakwanamaha avuga ko ico gisagara gitekanye inyuma y’ubwo bwicanyi. Yamara ko abantu bafise ubwoba mu gice c’ico gisagara ubwo bwicanyi bwabereyemwo.

Igice co mu buseruko bw’igisagara ca Beni citwa Rwangoma carabayemwo ibitero incuro zitatu vyakozwe n’abarwanya ubutegetsi b’umurwi ADF mu misi 10 irangiye. Ivyo bitero vyahitanye abantu 8.

Teddy Kataliko ayoboye ishirahamwe riserukira inyungu z’abanyagihugu mu karere ka Beni, avuga ako inzego zijejwe iperereza z’igisirikare n’igisivile zidakora neza. Avuga ko abanyagihugu batanga inkuru z’ukugabisha ku vyerekeye abikekwa ko ari inkozi z’ikibi. Yamara avuga ko igisirikare cihoza izo nkuru.

Kuva mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka, igisirikare ca Kongo kiragira ibikorwa vya gisirikare bikomeye ku barwanyi b’umurwi ADF mu ntara ya Beni. Kuva ico gihe ibitero ku basivile vyariyongeye. Ku bw’abategetsi bo muri ako karere, ivyo bitero vyahitanye abantu barenga 100.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG