Uko wahagera

Ikoreshwa ry’Ifaranga Rimwe Rusangi nti Rirashoboka mw’Ishirahamwe EAC


Gaspard Sindayigaya, arongoye ibanki nkuru y’Uburundi, yabariye abamenyeshamakuru ko ikoreshwa ry’ifaranga rimwe rusangi mu bihugu vy’Urwanda, Ouganda, Tanzania, Kenya n’Uburundi ritagishobotse mu mwaka wi 2012, nk’uko vyari bitegekanijwe.

Abarongoye amabanki y’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika, EAC, bari bamaze imisi itatu bakoraniye i Bujumbura ku mugwa mukuru w’Uburundi baraye bemeje ko ugukoresha ifaranga rimwe rusangi mur’iryo shirahamwe bitagishobotse mu mwaka w’i 2012, nk’uko ikirangamisi co gushing ishirahamwe EAC cabitegekanya. Umumenyeshakuru, Léon Masengo, yaraganiriye n’abagwizatunga batobato bo mu Burundi babwira ico biyumvira.

Gaspard Sindayigaya, arongoye ibanki nkuru y’igihugu akaba ari nawe arongoye umugwi ujejwe ibibazo vyo gutegura ikoreshwa ry’ifaranga rimwe rusangi muri EAC, yabwiye abamenyeshamakuru ko ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu bihugu vy’Urwanda, Ouganda, Tanzania, Kenya n’Uburundi bitagishobotse mu 2012 nk’uko vyari bitegekanijwe. Sindayigaya yavuze ko uwo mugambi uzoshoboka n’imiburiburi inyuma y’imyaka itatu canke ine. Ingorane nyamukuru ngo n’uko ibihugu bidafise ingorane zimwe mu vy’ubutunzi, amafaranga ntafise ubukomezi bumwe, eka ngo nti haratangwa n’ivyigwa bikwiye.

Abadandaza batobato bo mu Burundi baganiriye n’Ijwi rya Amerika bavuga ko atakamaro babona mw’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe rusangi. Gusigurirwa uwo mugambi ngo nti vyakozwe bikwiye, eka ngo baragira n’ingorane z’amafaranga iyo bagiye kurangura ibidandanzwa mu bindi bihugu bagize ishirahamwe EAC.

Mu mategeko ashinga ishirahamwe EAC, bitegekanijwe ko ibihugu bitanu bigize iryo shirahamwe bizoba birongowe vyose n’umuntu umwe mu mwaka w’i 2015, ariko biragaragara ko mu gihe ikoreshwa ry’ifaranga rimwe bikiri intambamyi, uwo mugambi nawo nyene ntushobora gushikwako mu kiringo gitegekanijwe.

XS
SM
MD
LG