Uko wahagera

Colonel Lucien Rufyiri Yiciwe i Bujumbura


Colonel Lucien Rufyiri yarasiwe imbere y’umuryango w’urugo rwiwe nk’igihe c’isaha zitanu zibura iminota cumi z’agatondo mu gihe yaratahutse.

Umwe mubari hafi y’ahaguye ibara atashimye kuvugira kuri micro uko vyagenze yabwiye Ijwi rya Amerika ko abarashe Colonel Rufyiri bari mu mudokari y’ibiyo binyegeza abicaye imbere mumuduga. Iyo modokari ngo kuva mu gatondo yari yamye izunguruka muri karitiye ya kabiri hafi yahaba umuhisi. Ariko nta muntu n’umwe yigeze yibaza ko yarimwo abagizi ba nabi canke abicanyi.

Igihe umushingantahe Rufyiri yicwa yarageze imbere y’inzu yiwe agire yinjize umuduga. Umuhungu wiwe yararoye kumwugurira nawe nyene yarashwe ariko Imana irakinga. Yakomeretse ku maboko. Haba imuhira iwe canke imbere y’uburuhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, incuti, abagenzi n’ababanyi bari bumiwe babuze ayo bacira nayo bamira. Bamwe amosozi yagenderanira mu maso ariko bakiremesha baganira n’ababo.

Uwundi musore nawenyene atashimye kuvugira kuri micro kubera imvo z’umutekano wiwe yatubwiye ko Colonel Rufyiri yarashwe insasu zirenga zitatu kandi zamugemye mu mutwe. Igipolisi kimenyesha ko Rufyiri yishwe mu gihe yaravuye ku biro vya zone Ngagara. Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga ko amatohoza yatanguye. Moise Nkurunziza yibaza ko amatohoza ashobora koroha n’ukunyaruka kubera ibara ryaguye ku murango riva abantu bagendangenda.

Ahandi habaye igitero cahitanye ubuzima bwa kiremwa muntu ni ahitwa gishiha,zone maramvya , komine Burambi mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bw’Uburundi. Mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri, abantu bitwaje imipanga bateye urugo rw’umutama w’imyaka 70 baramwica bongera bakomeretsa umukenyezi wiwe n’umukozi wiwe. Jérome Buzeze ngo yahora yikekwa ko ari umurozi. Igipolisi cemeza ko abantu babiri bikekwa bamaze gufatwa kumvo z’amatohoza.

Kuva mu kwezi kwa gatatu, ishirahamwe riharanira agateka ak zina muntu Ligue iteka rivuga ko amatohoza ryagize yerekana ko abantu 70 aribo bamaze kugandagurwa mu duce dutandukanye tw’Uburundi. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH nawo umenyesha ko kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka abantu bababa 130 bishwe mu bitero bitandukanye ku butaka bw’Uburundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:24 0:00

XS
SM
MD
LG