Uko wahagera

CNIDH: Ihohoterwa ry’Abana mu Burundi Ryimonogoje


Ino foto, ni ifoto ngereranyo. Si iy'abana bo mu Burundi.
Ino foto, ni ifoto ngereranyo. Si iy'abana bo mu Burundi.

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, watangaje ko utewe impungenge n’ingene agateka k’abana kamaze iminsi gahungabanywa bikomeye. Ni mu gihe amashirahamwe yigenga avuga ko abana barenga 100 bahohotewe mu kiringo c’umwaka umwe.

Bamwe muri bo bahasize ubuzima, abandi baborezwa igufa. Uwo mugwi wemeza ko watanguye amatohoza yimbitse muri ico gisata, ugahamagarira igipolisi, abajejwe intwaro n'abavyeyi gufata iya mbere mu gukingira agateka k’abana.

Amatohoza ya vuba yatangajwe n’uwo mugwi I Bujumbura mu kiganiro wahaye abamenyeshamakuru, yerekana ko abana barenga 50 bahungabanirijwe agateka mu kiringo c’amezi 6 aheze. Uwo mugwi wavuze ko nka bose bari munsi y’imyaka 13, ko abenshi bishwe mu buryo budasiguritse, abandi banyurujwe canke bibwe n’abarezi b’abo mu ngo.

Utanga akarorero k’umwana wo ku musozi Munagana muri Komine Kiremba mu Ntara ya Ngozi yivye ivyo kurya ku mubanyi ku ndwi iheze, umuvyeyi wiwe mu kumuhana akamuturira ukuboko kw’i buryo. Mu kwezi kwa 11 umwaka uheze naho, umwana w’imyaka 5 yarakubiswe arasinzikarizwa ubuzima na muka se ahitwa k’Uwinterekwa kartier Gihosha mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kwezi kw’8, hatewe grenade muri kartier Gahahe kw’ibarabara rya 11, muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, yica abana 3. Consolate Habimana icegera c’ururongoye uwo mugwi akemeza ko iri hohoterwa rikabije.

Mu kwezi kwa 6 umwaka uheze, urunani FENADEB rw’amashirahamwe akingira agateka k’abana mu Burundi rwabwiye Ijwi ry"Amerika ko abana barenga 50 agateka k’abo kari kamaze guhohoterwa. Hakiyongerako abarenga 200 batwawe gukora ibikorwa biruhisha cane cane muri Tanzaniya bakuwe mu Ntara zo ku rubibe n’ico gihugu, ku mwaka uheze.

Ni irya mbere umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu uhaguruka ukavuga ko ihohoterwa ry’abana ryabanye ndanse. Amashirahamwe yigenga asaba uwo mugwí ko wogira inama reta ingene abafatiwe muri bene ivyo vyaha bohanwa bimwe vy’akarorero kugira bituzwe burundu.

Ikibazo c'Abana Bahohoterwa Cifashe Gute mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG