Uko wahagera

CNC Yatanze Amakarata ku Bamenyeshamakuru mu Burundi


Abari mu bikorwa vyo gutanga amakarata
Abari mu bikorwa vyo gutanga amakarata

Ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Burundi bitera akamo abamenyeshamakuru kwirinda gushikiriza amakuru acanishamwo Abarundi mu bihe vy’amatora igihugu cimirije. Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyeshamakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yateye ako kamo kuri uno wa kabiri aho urwego CNC rwatangura gutanga amakarata y’umwuga ku bamenyeshamakuru.

Nestor Bankumukunzi arongoye urwego CNC rucungera umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi ni we yatanguje itangwa ry’ikarata ndangamumenyeshamakuru.

Abategetsi bitavye ivyo birori vyabereye mu kigo c’abamenyeshamakuru bashikirije ko bashimye iyo ntambwe. Umwe muri bo ni umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Freddy Mbonimpa yatomoye ko mu gisagara arongoye ata ntambamyi n’imwe ibuza umumenyeshamakuru gukora afatiye ku kamaro bigirira abahaba.

Umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yagarutse kuri kahise ka hafi ku bijanye n’umwuga wo kumenyeshamakuru. Willy Nyamitwe ashikiriza ko abamenyeshamakuru batari bake bakoze nk’abanyepolitike canke abagwanyi muri 2015. Abasaba ko mu matora Uburundi bwimirije muri 2020 hotangwa amakuru yubaka adateranya bene Burundi. Asaba urwego CNC guha ikarata ababikwiye.

Abamenyeshamakuru batanguye kuronka izo karata bakira neza ico gikorwa cakozwe n’urwego CNC.

Iruhande y’itanguzwa ry’ikarata ndangamumenyeshamakuru, urwego CNC rwari ruramutse kuri uno wa mbere rushira ahabona icegeranyo c’umwaka ku kuntu amaradiyo n’ibinyamakuru vyigenjeje. Nestor BankumukunziI arongoye CNC ashima ko muri rusangi ibikorwa vyo kumenyesha amakuru vyagenze neza. Ariko akavuga ko hari amakosa yagiye aribonekeza, agasaba abayakoze kuyakosora mu ntumbero yo kwirinda ibihano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG