Uko wahagera

Cholera Imaze Guhitana 49 muri Zimbabwe


Igihugu ca Zimbabwe catanguje isekeza rikomeye ry’ugucandaga abanyagihugu. Ni mu gihe ico gihugu kiriko kirwanya indwara ya cholera yiyadukije yahitanye abantu 49.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Obadiah Moyo avuga ko isekeza ry’ugucandaga, babifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rigenewe abantu barenga ibihumbi 500 hagati y’uno musi ku wa gatatu no ku musi w’Imana.

Moyo avuga ko abantu bagera ku muliyoni bazocandagwa kuva mu ndwi iza.

Reta ya Zimbabwe ivuga ko ukwiyadukiza kwa cholera kwatumye abantu barenga 9000 bandura iyo ndwara, benshi muri bo ku murwa mukuru, Harare, kuva mu kwezi kw’icenda.

Abantu bafise ubwoba ko ibintu bishobora gusubira kuba nko mu mwaka w’i 2008 igihe cholera yahitana abantu barenga 4000.

Imiringoti ijejwe gutwara amazi n’imicafu yarasenyutse, mu bituma amazi y’imicafu atembera mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Harare.

Prezida aherutse gutorwa muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yiyemeje kurwanya Cholera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG