Uko wahagera

Reta y'Ubushinwa Yemereye Imiryango Kuvyara Abana Batatu


Bamwe mu bana n'abavyeyi babo i Beijing
Bamwe mu bana n'abavyeyi babo i Beijing

Ubushinwa bwongereje abana imiryango yemerewe kuvyara: bavuye kuri babiri baja kuri batatu. Itororokanirizo ry’amakuru y’Ubushinwa, Xinhua, ryatangaje ano makuru rivuga ko iyi ngingo yafatiwe mu nama y’umugambwe wa gikoministe yari irongowe na Prezida Xi Jinping, yafashwe bivuye ku bitigiri vy’abana bavuka vyagabanutse cane muri ico gihugu.

Prezida Xi Jinping yavuze ko ino ngingo izoherekezwa n’izindi ngingo zo gushigikira politike yo kugwiza uruvyaro no gutuma abakiri bato baba benshi gusumba abageze mu za bukuru. Ntiyigeze yamara atomora kamere k'ingingo zizoherekeza iyo politike nshasha.

Mu 2016, Ubushinwa bwafashe ingingo nk’iyi burekurira imiryango kuvyara abana babiri ha kuvyara umwana umwe. Ico gihe naho nyene bwashaka kongereza ibiharuro vy’abana bavuka ariko kubera ubuzima buzimvye, imiryango itari mike yabandanije yivyarira umwana umwe rudende.

Rusansuma iheruka gukorwa mu Bushinwa yerekanye ko ibiharuro vy’abana bavuka ari ubwa mbere biri hasi cane kuva mu mwaka w’1950.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG