Ubushinwa buheruka gushikiriza Uburundi imfashanyo y'ibitaro biciye imiriyaridi cumi z’amafaranga y’Uburundi. Ku wa gatatu uheze, uwuserukira Ubushinwa mu Burundi yashikirije reta y'Uburundi ibitaro vy'akarorero, vyubastwe ahitwa Mpanda mu ntara ya Bujumbura. Iyo mfashanyo iciye imiriyoni cumi z'amadorari y'Abanyamerika.
Ivyo bitaro bishobora kwakira abantu ijana barazwa. Ibirori vyo kwakira icese izo nyubakwa vyatewe iteka n'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza. Yasavye abagiye gukorera aho hantu ngo babungabunge neza ivyo bitaro. Uretse izo nyubakwa, igihugu c'Ubushinwa caratanze ibikoresho n'abaganga bazovura abagwaye. Abaganga bazokoresha bwa buhinga bwa none, mu kuvura abantu bakoresheje ivyuma bigezweko nka ‘Scaner’.
Ibikorwa vyo kwubaka ivyo bitaro vyamaze umwaka. Mw'ijambo Perezida yashikirije uwuserukira Ubushinwa, yibukije ko igihugu ciwe kimaze imyaka myinshi gifasha Uburundi kandi akipfuza ko kibandanya. Ubushinwa bufasha Uburundi mu bisata bijanye n'amagara y'abantu, indero, ubudandaji no gusanura amabarabara. Mur'uyu mwaka w'i 2011, Ubushinwa butegekanya kwubakira Uburundi ingoro y'umukuru w'igihugu izoba irimwo aho aba n'aho akorera.
Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi aherutse gushikiriza reta y'Uburundi ibitaro vy'akarorero, bishobora kwakira abantu ijana barazwa. Uretse izo nyubakwa, igihugu c'Ubushinwa caratanze ibikoresho hamwe n'abaganga bazovura abagwaye