Uko wahagera

Charles Taylor Yaciriwe Imyaka Mirongo Itanu


Charles Taylor
Charles Taylor

Sentare idasanzwe yo mu gihugu ca Sierra Leone yatangaje ko Taylor yakoresheje igihagararo ciwe kugira afashe abagwanya ubutegetsi muri Sierra Leone

Sentare idasanzwe y’I La Haye, yaciriye Charles Taylor yahoze ari prezida w’igihugu ca Liberia, imyaka mirongo itanu mu munyororo ejo ku musi wa gatatu ku vyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu mu gihugu gihana urubibe na Liberia ca Sierra Leone.

Sentare idasanzwe yo mu gihugu ca Sierra Leone yatangaje ko Taylor yakoresheje igihagararo ciwe kugira afashe abagwanya ubutegetsi muri Sierra Leone ah’ugukomeza amahoro n’umutekano.

Umucamanza mukuru, Richard Lussick yatangaje ko Taylor yagize uruhara mu gufasha abakoze bimwe mu vyaha bikabije bitari bwabe mu mateka y’isi.

Mu kwezi guheze, sentare idasanzwe yashiriweho Sierra Leone yagetse kuri Charles Taylor ivyaha vyose uko ari cumin a kimwe birimwo ivyaha vy’ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, kwinjiza abana mu gisirikare n’ukugira abantu abashumba.

Iyo sentare yasanze Taylor yari azi ivyo abagwanya ubutegetsi muri Sierra Leone bakora akaba yabahaye ibigwanisho mu gihe nabo bamuhaye ubutare bwa diamands bwacukuwe mu buseruko bwa Sierra Leone.

Ababuranira Charles Taylor bamenyesheje ko bazokwunguruza urubanza.

Reta y’igihugu ca Sierra Leone yavuzeko kw’ubutungane bwubahirijwe, mu kuvuga kw’umunyororo w’imyaka mirongo itanu yaciriwe yaari inkuru nziza ku bantu basinzikajwe n’abo yafashije .

XS
SM
MD
LG