Uko wahagera

Igisirikare ca Cadi Cishe Abarwanyi ba Boko Haram 48


Akarere ka Nijeriya kitwa Maiduguri kigeze guterwa na Boko Haram mu 2016

Abasirikare 8 b’igihugu ca Cadi bahitanywe n'igitero c’umurwi w'iterabwoba Boko Haram mu karere k’ikiyaga Cadi uno musi ku wa gatatu. Abarwanyi 48 bishwe igihe igisirikare cishura kuri ico gitero.

Umuvugizi w'igisilikare yamenyesheje ko abagira iterabwoba b’umurwi Boko Haram bateye ibirindiro vy’inteko za Reta ahitwa Kaiga Kindji mu masaha ya kare yo mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu. Avuga ko ico gitero cakomerekeje abandi basirikare ba Reta 11.

Ibitero vy’abarwanyi b’umurwi Boko Haram vyarasinzikaje akarere k’ikiyaga Cadi kuva uwo murwi ufashe ibirwanisho mu ntumbero y’ukurwanya Reta ya Nijeriya mu mwaka w’i 2009.

Ubwicanyi bw’umurwi Boko Haram bwahitanye abantu ibihumbi 27 butesha izabo abagera ku miliyoni zibiri.

Ibihugu vya Cadi, Kameruni na Nijeri vyaragiye hamwe n’igihugu ca Nijeriya mu kigoro ko kuzimanganya umurwi Boko Haram. Yamara mu bihe vya vuba, abarwanyi ba Boko Haram barongereje ibitero muri Cadi.

Igisirikare ca Nijeriya giherutse kwongereza ibikorwa vyaco ku barwanyi b’umurwi Boko Haram mu karere k’ikiyaga Cadi, harimwo ibitero vy’indege za gisirikare kuri abo barwanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG