Uko wahagera

Centrafrika: 7 Barimwo Patiri Baguye mu Mishamirano y'Abarwanyi


Ikarata y'ahaherereye Centrafrika

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko abantu 7 barimwo umupadiri ari bo baguye mushamirano yo kuri uno wa kane hagati y'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitwa Alindao muri Centrafrika.

Bane muri abo bishwe ni aba Islamu bagandaguwe n'umurwi w'abarwanyi witwa Antibalaka. Batatu barimwo umupadiri nabo baguye mu gitero cakozwe n’umurwi, Union pour la Paix en Centrafrique, "UPC" mu mpfunyapfunyo.

Amakuru y'uwo mupadiri yishwe yemejwe na Ekleziya Katolika muri Centrafika yavuze ko hari n'uyindi mu padiri batazi irengero ryiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG