Uko wahagera

CENI Itangaza ko CNDD FDD Watsinze Amatora y'Abakenguzamateka


Pierre Claver Kazihise atwara umurwi CENI
Pierre Claver Kazihise atwara umurwi CENI

Mu Burundi, umugwi utegura amatora CENI utangaza ko umugambwe CNDD FDD ari wo watahukanye intsinzi mu matora y'abakenguzamateka yabaye kuwa 20 uku kwezi kw'indwi.

Ku ntonde z'Abahutu waronse ibice 73% mu gihe kuz'Abatutsi wahawe 71%. Mu kibanza ca kabiri haza umugambwe CNL. Mu Batutsi waronse ibice 23% nayo mu Bahutu uhabona 24%. Inama nkenguzamateka igiye kugira abagabo 23 bayisasamwo n'abakenyezi 16. Batatu muribo, abagabo 2 n'umukenyezi 1 bava mu bwoko bw'Abatwa.

Mw’itangazo wasohoye, umugambwe CNL uza kw’isonga ry’iyitavuga rumwe n’ubutegetsi wiyamirije abantu utadomyeko urutoki bariko bitiranya indongozi zawo na bamwe mubayoboke bawo n’abansi b’Uburundi kubera ko watanze ikirego muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro unegura uko aya matora yatunganijwe.

Wagiriyeko usaba irekurwa rya’banywanyi bawo harimwo abo wari washize imbere mugucungera amatora y’umukuru w’igihugu n’a’yabashingamateka yo kuwa 20 ukwezi kwa gatanu uyu mwaka hatibagiwe abandi bantu bose bafungiwe ivyiyumviro vyabo.

Igihushanye n’ibwirizwa nshingiro ryo muri 2005, iryahinyanyuwe muri 2018 ryatse uburenganziza abahoze ari abakuru b’ibihugu bwo gucika aba senateri ubuziraherezo batarinze kwitoza. Ivyo bisobanuye ko, Petero Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya, na Domitien Ndayizeye batozosubira kuba abakenguzamateka.

CENI Itangaza ko CNDD FDD Watsinze Amatora y'Abakenguzamateka
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:42 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG