Uko wahagera

Carlos Menem Yahoze ari Perezida wa Argentine Yitavye Imana


Carlos Menem, Yahoze ari Perezida wa Argentine

Carlos Menem, yahoze ari perezida wa Argentine yitavye Imana ku myaka 90. Urupfu rwiwe rwemejwe na Perezida Alberto Fernández aramutswa ico gihugu. Naho icamuhitanye kitaratangazwa, hari haheze igihe kinini akitswe n’amagara.

Mu vyo uwo mutama azokwibukirwako, harimwo ukuba yaranaguye ubutunzi bwa Argentine no kuba yarakomeje imigenderanire y’igihugu ciwe na Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu myaka ya za 90.

Hambavu y’ubutunzi bwanagutse mu mwanya muto cane ku ntwaro yiwe, yagirijwe ko yabaho ubuzima bwo ku rwego rwo hejuru. Intwaro yiwe yararanzwe kandi n’ikibazo c’ubushomeri mu batari bake n’ubusumbasumbane bw’ubutunzi mu banyagihugu.

Carlos Menem yatwaye Argentine kuva mu 1989 kugera mu 1999.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG