Uko wahagera

Kugwanya Ishurashuzwa ku Nguvu ry'Abigeme n'Abakenyezi


Mu biganiro vy’isekeza ryahariwe kugwanya ishurashuzwa ku nguvu ry'abigeme n'abakenyezi, abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bavuga ko ibitigiri vy'abakorerwa ayo mabi bitera vyiyongera k’uburyo buteye ubwoba

Amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu afadikanije na reta y'Uburundi batanguye isekeza ry'imisi cumi n'itandatu yahariwe kugwanya ishurashuzwa ku nguvu ry'abagigeme n'abakenyezi. Abakurikirana ivyerekeye guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, bavuga ko ibitigiri vy'abakorerwa ayo mabi biteye ubwoba.

Mu bushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu, mu gisata citaho imigambi y’iterambere ry'ibitsina ata n’umwe akumiriwe, bavuga ko ibiharuro bijanye n'ishurashuzwa ku nguvu ry'abakenyezi n'abigeme vyerekana ko ayo mabi yakozwe cane mu ntara nyinshi z'igihgu. Ibitigiri bizwi gushika ubu, ni amajana icenda na mirongo ine na batanu kuva mu ntango z'umwaka gushika mu kwezi kw'indwi. Ariko kandi nk'uko bisigurwa na Spes Caritas Barankariza abikurikirana, ibitigiri ngo bishobora kuba birenga kure cane y'ico giharuro, kuko hariho abashima kutavuga ivyabashikiye.

Ishirahamwe Seruka rifasha abakorewe ayo mabi mu kubakingira ikiza Sida mu gihe bashitse imbere y'amasaha mirongo indwi n'abiri, rirabumviriza rikongera rikabaronsa n'iyindi miti. Sandrine Inakabondo, atwara iryo shirahamwe, yabwiye Ijwi rya Amerika ko mu kwezi bama bakira abantu bashika kw'ijana na mirongo ibiri kandi ngo ivyo bitigiri nti vyigeze bigabanuka kuva mu mwaka w'i 2OO3, aho ishirahamwe Seruka ryatangura gukora.

N'ubwo ibitigiri vy'abigeme n'abakenyezi bashurashuzwa ku nguvu bitagabanuka, reta y'Uburundi yarategekanije mu gitabo mpanavyaha gishasha ko uwagiriwe n’ayo mabi afatwa nk'umwicanyi. Abakurikirana iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu n'abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe guharanira agateka ka zina muntu twaganiriye, baremeza ko kutitura ubutungane bivuye ku gutinya ko abakorewe amabi n'imiryango yabo bokumirwa canke bakaba ikiyago c'ababanyi bituma ibitigiri bibandanya kuduga.

Umwigeme yakorewe ayo mabi amenyekanye ngo nti bimworohera kuronka umugabo. Umukenyezi nawe kenshi ngo umugabo aca amuta. Abarenga ibice 60% nti bitura ubutungane nk'uko tubisoma mu matohoza yagizwe n'ishirahamwe SERUKA. Kuri 20% bitura ubutungane musi ya 5% nibo babandanya urubanza. Benshi mu baheba imanza babura isura, kuko ari ibintu bikorwa mu kabanga, n'impapuro z'abaganga zemeza ko bafashwe ku nguvu koko.

Umupfasoni Spes Caritas Barankariza ajejwe igisata kigwanya ayo mabi mu bushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu ati; inta mabara n'ubujuju, ni ibindi bituma ayo mabi atagabanuka. Spes Caritas Barankariza avuga ko ayo mabi akorerwa mu buzi butandukanye no mu miryango.

Umupfasoni Spes Caritas Barankariza wo mu bushikiranganji bw'agateka ka zina muntu asigura ko reta iriko irakorana n'amashirahamwe kugira ngo haboneke itegeko riri ukwaryo, rihana ishurashuzwa ku nguvu ry'abigeme n'abakenyezi.

Amatohoza menshi yerekana ko abashurashuzwa ku nguvu baba abakenyezi canke abigeme, kenshi na kenshi afatwa n’abakoresha ibigwanisho, inguvu bafise zijanye no gukomera, ubutegetsi bafise canke bahabwa n'amafaranga, canke ikibanza bafise mu ntwaro no mu kazi kabo.

XS
SM
MD
LG