Uko wahagera

Callixte Mbarushimana Yarakuweko Ivyaha Yagirizwa


Sentare yungururizwamwo imanza ejo ku musi wa gatatu yaremeje iyo ngingo, mu kwiyamiriza ivyashikirijwe n’abashikirizamanza.

Ishami ryungururizwamwo imanza rya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ryaremeje ingingo y’uguheba ivyaha vyo mu ngwano vyari vyagirijwe umunyarrwanda yitwa Callixte Mbarushimana.

Callixte Mbarushimana, yari ahanganye n’ubwoko umunani bw’ivyaha vyo mu ngwano n’ubwoko butane bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu bifatiye ku gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, ubwicanyi n’ugufata abantu bunyamaswa muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Yamara abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha bategetse irekurwa rya Mbarushimana mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu kuvuga kw’ata vyemezo bihagije vy’ukwerekana ko yagize uruhara muri ivyo vyaha.

Sentare yungururizwamwo imanza ejo ku musi wa gatatu yaremeje iyo ngingo, mu kwiyamiriza ivyashikirijwe n’abashikirizamanza.

Abashikirizamanza batangaje ko Mbarushimana yari umutegetsi akomeye w’umugwi ugwanya ubutegetsi bw’Urwanda, FDLR.

Uwo mugwi uri mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo barateye abasivile mu ntara za Kivu yo mu buraruko na Kivu yo mu bumanuko mu mwaka w’2009. Umugwi FDLR washizweho n’Abahutu bagize uruhara mw’ihonyabwoko rwakorewe Abatutsi mu Rwanda mu mwaka w’1994, bahungura muri Congo inyuma yuko ubwicanyi buhagaritswe.

.

XS
SM
MD
LG