Uko wahagera

Cadi Yatangaje kw’Abayirwanya Batambamiye Kugwanya Iterabwoba


Icegera c’umushikiranganji wa Cadi ajejwe imigenderanire ejo ku musi wa kabiri, yaragabishije inama mpuzamakungu ijejwe umutekano n’amahoro kw’isi ko abacangero hamwe n’abarwanyi b’abanyamahanga bava mu gihugu ca Libiya baguma bajabuka intara ya Sahel, babangamiye intambwe imaze gukorwa mu kugwanya iterabwoba mu gihugu ciwe.

Yavuze ko ivyo bishobora gutuma amahoro ahungabana mu ntara yose kandi bikazogorana kuhagarukana umutekano.

Oumar Ibn Daoud yavuze kandi ko umutekano uriko uratosekara mu ntara ya Sahel ushobora kugira ingaruka mbi ku mugabane w’Afrika wose kandi ko hashobora kwaduka intambara, hakaba n’icicaro c’imirwi mvamahanga ikora ibitero vy’iterabwoba.

Ambasaderi aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas- Greeenfield, nawe nyene yaragaragaje amakenga kuri iyo mirwi. Yavuze ko Reta ya Prezida Biden irajwe ishinga n’ibitero vy’imirwi y’iterabwoba bibera mu ntara ya Sahel.

Umutekano muke urangwa muri iyo ntara kandi urateye amakenga igihugu c’Ubufaransa nk’uko vyashikirijwe na Ambassaderi Nicolas De Riviere aserukira ico gihugu mw’ishirahamwe mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG