Uko wahagera

Umutekano Muke Ukomeje Kumvikana i Bujumbura


Umutekano ubandanya guhungabana I Bujumbura
Umutekano ubandanya guhungabana I Bujumbura

Urugo rw’uwurongoye quartier Nyabagere muri komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura rwaratewe grenade ebyiri mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere hakomereka abantu babiri.

Muri Musaga ya komine Muha naho hakomeretse ku mutaga wo kur’uno wa kabiri abantu batanu harimwo abapolisi babiri , igihe abajejwe umutekano bariko basaka ibigwanisho, baterwa grenade n’umuntu yari kw’ipikipiki.

Uwo arongoye quartier Nyabagere avuga ko ico gitero caraye gikozwe ku rugo rwiwe gifise intumbero ya politike. Celestin Nahimana Badela avuga ko ico gitero acegeka ku bo bahiganwa mu matora y’abarongoye amaquartiers.

Nahimana arakengurukira abajejwe umutekano banyarutse gutabara bakanyarukana kwa muganga umwana wiwe na muramuwe bakomerekeye mur’ico gitero.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:23 0:00


Asaba amatohoza yihuta kugira abakoze ubwo bubisha bamenyekane bongere bahanwe hisunzwe amategeko.

Icegera c’Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi yabwiye ijwi ry’Amerika ko umuntu yari kw’ipikipiki yateye grenade abapolisi bari gusopa ibigwanisho kw’ibarabara rya gatatu, hagakomereka abapolisi babiri n’abacivile batatu. Ico gihe hanumvikanye n’amasasu menshi yatumye abadandariza mw’isoko yo kumusaga bahagarika imirimo, basubira kugurura nk’igihe c’isaha zitanu zo ku mutaga.

XS
SM
MD
LG