Uko wahagera

Burundi: Urwego CNC Rwatezuriye Bimwe mu Bimenyeshamakuru


Urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC, rwakuye ibihano ku kinyamakuru cigenga Ikiriho cari cugawe kuva muri 2018.

Urwego CNC rwatangaje izo ngingo rubicishije mw’itangazo rwasomeye abanyamakuru kuri uyu wa gatatu ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Laurent Kaganda, icegera c’umukuru wa CNC yarisomye, yasavye ikinyamakuru Ikiriho gukora cisunze amategeko kandi kidasize inyuma ugushigikira umugambi w’iterambere ry’igihugu.

Ntaganda yanavuze ko ata ntambamyi kugeza ubu zihari ko radiyo y’Abongereza BBC yosubira gusamiranira mu Burundi. Ariko ibwirizwa kubanza gusubira gusaba uruhusha.

Umuyobozi mukuru w' Ikiriho Philippe Ngendakumana yashimye iyi ngingo. Yari yishikiye ku cicaro CNC kumva inkuru nziza.

Ikindi kinyamakuru cari cugawe inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo muri 2015, radiyo Bonesha Fm na yo yaheruka kugururwa.

Ibi vyiyongereye kw’irekurwa ry’abanyamakuru bane b’ikinyamakuru cigenga Iwacu buca haba Noheri inyuma y’umwaka urenga bafunzwe vyatumye RSF, umuryango mpuzamahanga uharanira ubwigenge bw’itangazamamakuru uha amanota Uburundi mu cegeranyo c’uyu mwaka nk’uko Arnaud Froger awurongoye ku mugabane wa Afrika yabisiguriye Ijwi ry’Amerika.

Naho BBC y’Abongereza yasabwe gusaba uruhusha bushaha, iracugawe mu Burundi co kimwe n’Ijwi ry’Amerika muriko murumviriza kuva muri 2018. Nta munyamakuru w’Umurundi canke Umunyamahanga afise uburenganzira bwo gukorana navyo ari ku butaka bw’ico gihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:47 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG