Uko wahagera

Burundi: UPRONA Yatoye Indongozi ku Rwego rw’Intara


Gaston
Gaston

Umugambwe w’abadasigana UPRONA yemewe n’amategeko witeguye kwakira abadasigana bari mu runani Amizero y’Abarundi mu gihe bobisaba.

Umunyamabanga nshingwabikorwa wawo, Gaston Sindimwo, asanzwe ari n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yakebuye abari mu makambi y’impunzi kutitaba akamo k’abanyapolitique bari hanze babandanya babahamagarira guhunga. Yabivugiye i Ngozi mw’ikoraniro ryo gutora indongozi nshansha z’uwomugambwe ku rwego rw’intara. Gaston Sindimwo yagiriza bamwe muri abo banyapolitique ko bariko bereka urukundo rwa mumpekure abo bari mu makambi y’impunzi hagati mu gihugu kuko ngo aribo batumye bahunga mu mwaka 1993.

Amatora y'indongozi za UPRONA ku gwego gw'intara yugururiwe mu ntara 3. Izo ni Ngozi ahari Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo. Hari kandi Rutana ahari Consiliya Nibigira asanzwe ariwe aramutswa uwo mugambwe. Hari na Cankuzo ahari Aloys Rubuka yahoze arongoye uwo mugambwe.

Inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Jean Bosco Ndarurinze wagiye muri Ngozi kuri uyu wa gatandatu.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:32 0:00

XS
SM
MD
LG