Uko wahagera

Burundi: Umunyeshure w'Imyaka 13 Yahitanywe n'Inkoni za Mwigisha


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Umwana w’umunyeshure wo kwishure shingiro rya Carama riri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura yaritavye Imana ku wa mbere bivuye ku nkoni yakubiswe n’umwigisha.

Isoko ry’Ijwi rya Amerika mu carama ryavuze ko uwo mwana yitwa Chadia Nishimwe w’imyaka 13 yakubiswe kubera ananiwe n’akabazo k’umwimenyerezo. Yari yiga mu mwaka wa gatanu.

Uburundi kuva mu 2008 bwarahagaritse igihano co gukosora abana hakoreshejwe inkoni.

Ibihano bitegekanijwe ku munyeshure birimwo kumusohora mw’ishure hamwe no kumutuma umuvyeyi.

Mu gihe umwigisha yakubise Chaddia Nishimwe yaciye ahunga agiheza kumukubita, polisi y'inyamiramabi yaciye ita muri yompi umuyobozi w’ishure hamwe n’umwunganizi wiwe bagirizwa ko boba bamufashije guhunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG