Uko wahagera

Burundi: Umugambwe CNDD-FDD Uvuga ko Imbonerakure "Zitonda"


Mu Burundi, kuri uyu wa gatandatu hahimbajwe umusi wahariwe imbonerakure" Imbonerakure Day" mu congereza.

Mu ntara nka zose ubutumwa urwaruka rw'umugambwe uri ku butetgetsi CNDD FDD rwahawe n'ukumera magabo rukaburizamwo aboshaka gutoba amatora "nk'uko vyagenze mu mwaka wa 2015"

Mu majambo yavuzwe abarongoye umugamwe CNDD FDD canke intumwa zidasanzwe zagarutse ku co bise ubwitonzi bw’urwaruka rw’umugambwe uri ku butetegetsi.

Benjmin Ndagijimana, umunyamabanga wa CNDD FDD ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura we yemeje ko ahaherereye ata makosa arenga abiri imbonerakure zirakora mu kiringo c’umwaka wose.

N’ubwo abarurongoye bavuga ko ari agahore, abakuru b’imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n’ubutegetsi cane cane CNL wa Agathon Rwasa bemeza batarya umunwa ko ruri inyuma y’amabi menshi akorerwa abanywanyi babo.

Mu misi iheze, ishirahamwe Human Rights Watch riri mu yo Leta yita abansi mu cegeranyo ryasohoye ryasubiye gushira mu majwi imbonerakure kuba ziri mu bahohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abikekwa kubugwanya.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Burundi: Umugambwe CNDD-FDD Uvuga ko Imbonerakure "Zitonda"
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:35 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG