Uko wahagera

Burundi: Ubukene bw'Amazi mu Ntara ya Cibitoke Buremereye Abanyagihugu


Hamwe na hamwe abanyagihugu baravoma amazi y'inzuzi.
Hamwe na hamwe abanyagihugu baravoma amazi y'inzuzi.

Mu Burundi, amakomine ya Rugombo na Buganda yo mu ntara ya Cibitoke afise ubukene bukomeye bw’amazi.

Abanyagihugu basigaye bavoma amazi y’inzuzi bigashobora kuba bibi cane mu minsi iza kubera ici ryatanguye.

Ico kibazo kirahangayikishije kandi abanyeshure ba Lycée Cibitoke kuko kurondera amazi inyuma y’ishure bituma batakaza umwanya wo kwiga.

Abajejwe intwaro n’igisata kijejwe amazi REGIDESO, ivyo bibazo barabizi ariko basaba abanyagihugu kwihangana kuko umuti usaba uburyo n’umwanya bihagije.

Umviriza ingene ico kibazo kimeze muri ino nkuru y'Ijwi ry'Amerika dushikirizwa na Desire Hatungimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:45 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG