Uko wahagera

Burundi: Rumwe mu Rwaruka Rwize Amategeko Ruvuga ko Rukumiriwe


Urwaruka rurangije amashure ya kaminuza mu gisata c’amategeko hisunzwe indinganizo nshasha ruridoga ko ruriko rurakumigwa mu nzego z’abashingwamanza zitabakira bivuye ku mpapuro z'umutsindo bahabwa. Rumwe muri rwo ruhurikiye mw’ishirahamwe AVSPDD rwemeza ko impapuro ruronswa ziringaniye n’iza Licence urwego rw’abashingwamanza rusaba abagomba kwinjira muri uwo mwuga.

Ururiko rurankirwa kwinjira mu rwego rw’abashingwamanza ruronka impapuro z’imitsindo za Baccalaureats hisunwze indinganizo nshasha y’amashure ya kaminuza mu Burundi. Urwo rwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe AVSPDD ryiyemeje kumenyekanisha amategeko, gutsimbataza ubutungane n’iterambere rirama ruvuga ko ata mvo yo kwankirwa kwinjira mu mwuga w’ubushingwamanza. Rusigura ko impapuro z’imitsindo z’ubu zanganishijwe n’iza kera basaba.

Umwe mu baherutse kurangiza amashure ari mu baserukira abandi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amategeko abarenganura atomoye. Kiretse amabwirizwa yateweko umukono mu mwaka wa 2011 atunganya inyigisho za kaminuza gushasha, uwo musore avuga ko hari n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ririko rirahonyangwa mu kwanka impapuro z’imitsindo zabo mu gwego rw’ubushingwamanza. Ico bavuga ko badatahura, ni uburyo ubucamanza bituye bwakiriye ibirego vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG