Uko wahagera

Burundi: Prezida Yemeza ko Ubutungane Burangwa n'Ibiturire


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Ibiturire vyiraye mu gwego rw’ubutungane mu Burundi bituma igihugu gisubira inyuma, abarundi nabo bagahitamwo kwihanira kuko badatunganirizwa. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama yakoranye n’abacamanza bo mu gisagara c’ubutunzi Bujumùbura. Mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike basaba umukuru w’igihugu gufata ingingo zihuta akareka kwidoga kandi ari we mucamanza mukuru.

Iyo nama hati y’umukuru w’igihugu n’abacamanza yabereye kw’ishure ryisumbuye rya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Umukuru w’igihugu ashavuye cane yamenyesheje abo bacamanza ko akazi bakora karangwamwo ibiturire. Ivyo biturire umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko adashobora kuvyihanganira kuko bisubiza inyuma igihugu bigakiza bake. Evariste Ndayishimiye asaba abo bacamanza guhinduka bigishoboka.

Ivyo umukuru w’igihugu yashikirije vyashimangiwe n’umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana yahoze arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane. Amenyesha ko mu matohoza bakoze mu bisata bitandukanye vy’igihugu hose bidogera cane abacamanza. Ivyo bakunze gushikiriza urwo gwego rw’umuhuza ni imanza zidashirwa mu ngiro kandi zaciwe, izimara imyaka n’imyaka zitagiye ahabona, abafungirwa ubusa kubera ibiturire ivyo umuhuza yemeza ko biboneye mu matohoza bakoze.

Kubw’umushingwamanza Gustave Niyonzima arongoye ishirahamwe ry’abashingwamanza bajejwe kuburanira abahohotewe b’abarundi mu masentare mpuzamakungu mpanavyaha ngo iyo mvugo y’umukuru w’igihugu ntihumuriza. Amenyesha ko kubona afata ako kanya agakoranya abacamanza akabagabisha ari vyiza ariko ko bidahagije.

Umushingwamanza Niyonzima amenyesha ko iyo ngendo y’abacamanza iva ahanini k’ubucamanza butigenga. Uwo mushingwamanza asaba ko haba inama rukokoma y’ubutungane, abacamanza bagategekwa n’abo basangiye umwuga aho gutegekwa n’ugwego nshingwantwaro kandi ataburenganzira bubifitiye.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Desire Hatungimana

Prezida Ndayishimiye Arajwe Ishinga n'Ibiturire mu Butungane bw'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG