Uko wahagera

Burundi: Perezida Ndayishimiye Yakoranije Inama Rukokoma y'Abagwizatunga


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yatunganije inama rukokoma yerekeye ubutunzi n’iterambere ry’igihugu. Yahamagariye Inzego zose biraba gukorera hamwe kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Atangazwa n’ingene inzahabu n’ayandi mabuye y’agaciro ahari adatuma igihugu gitunga kurusha uko biri.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yifuza ko Inama rukokoma y’ubutunzi n’iterambere yakoranye kuri uyu wa gatanu yerekana intambamyi zose zihari n’umuti wotorwa kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure.

Ico Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko yamaze kubona nk’intambamyi, ni ubukene, ugusesagura amatungo ya reta n’ibiturire.

Ku bwiwe, inzahahu n’amabuye y’agaciro Uburundi bufise hamwe vyokoreshwa neza vyoterera intambwe ikomeye mw’iterambere.

Umuhinga mu vy’Ubutunzi Faustin Ndikumana atwara ishirahamwe PARCEM na we nyene yitavye iyo nama, wewe asanga habuze abahinga n’abashakashatsi bomera nk’abahanuzi mu vy’ubutunzi bw’igihugu.

Iyi nama rukokoma yitabwe n’abagwizatunga batandukanye, abatwara amabanki nk’ibanki nkuru y’igihugu n’izindi, abigisha muri za kaminuza, abahinga mu vy’ubutunzi n’abandi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye, arakarira abategetsi batorohereza abarwizatunga mu guteza imbere ubutunzi.

Iyi nama nkuru y’Ubutunzi ni iya mbere ibaye ku butugetsi bushasha bwagiyeho mu mwaka uheze w’2020, bwemeza ko bwashize imbere umugambi wo kugwiza umwimbu n’ubutunzi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:06 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG