Ishirahamwe PARCEM ryishinzwe guharanira intwaro ibereye mu Burundi rirasemerera ko hari ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta bukabije muri iyi minsi.
Iryo shirahamwe rifatira cane cane ku rugomero rw’umuyagankuba ruheruka guhombesha reta amafranga arenga imiliyaridi 54 y’amarundi, hamwe n'ayandi madosiye. Risaba ko abakekwako ubwo bunyonyezi bobihanirwa. Amadosiye amwe yavuzwe na PARCEM, umukuru w’igihugu ashikiriza ko yayafashe mu minwe.
Ishirahamwe PARCEM ribabazwa n’amadosiye yatumye reta y’Uburundi ihahombera amafranga y’amarundi arenga imiliyaridi 100.
Iryo shirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo ngo barwanye abanyonora amatungo ya Reta ridoma urutoke cane cane ku bunyonyezi bwabareye mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe n’ubwubudandaji n’amahinguriro, mu gutanga amazi mu ntara ya Gitega, mw’iyubakwa ry’ingomero z’umuyagankuba nk’urwo ku Mpanda mu Ntara Bubanza rwahombesheje reta ayarenga imiliyari 54 rwonyene.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Faustin Ndikumana atwara PARCEM yibaza iyo inzego za reta zibishinzwe ziri.
Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye na we abibona co kimwe na PARCEM.
Kw’italiki 15 z’uku kwezi kwa 10, Prezida Evariste Ndayishimiye, yagiye kwirabira aho urugomero rw’umuyagankuba rwa Mpanda mu Ntara ya Bubanza mu buraruko bw’igihugu rugeze, inyuma imyaka 10 rwubakwa ariko rutaruzura.
Avuga ko ari akamaramaza. Yavuze ko ayo mahera leta itazoyaheba.
Uru rugomero rw’umuyagankuba rwariko rwubakwa n’isosiyete y’Abashinwa.
Ku bwa PARCEM, umukuru w’igihugu ntiyarakwiye kwidoga na we, ahubwo yarakwiye gufata ingingo zo kurwanya ibiturire n’intwaro itabereye mu bisata bitandukanye vy’igihugu.
Amashirahamwe arwanya ibiturire aratangazwa kandi n’uko bamwe mu bategetsi babogozwa kubera aho bakora havugwa ubunyonyezi, yamara budakeye na kabiri bagahabwa amabanga akomeye mu gihugu.
Kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya reta biri mu mugambi umukuru w’igihuhu Evariste Ndayishimiye yishinze kurangurana umwete.
Gusa abarwanya ibiturire babona ko hoba hari abatamworohereza muri uwo mugambi, bakamusaba kwitandukanya n’abo ku neza y’igihugu.
Ijwi ry'Amerika yagerageje kurondera zimwe mu nzego za Reta zirwanya ibiturire. Aha ni nk'ujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umuhuza w'Abarundi (Ombudsman). Juma Rukumbi ntitwamuronse kuri telefone ariko yishuye ubutumwa bwanditse twamurungikiye.
Twari twamubajije ico bavuga kuri ubu bunyonyezi ishirahamwe PARCEM rivuga, hamwe n'ico urwo rwego ruri mu zishinzwe kurwanya igiturire ruriko rurabikorako. Twanamubajije ko hari amadosiye nk'ayo urwego avugira rwoba ruriko rurakurikirana. Juma Rukumbi yavuze ko ata kinini yashobora kubivugako kuko urwego avugira ataco rwamutumye. Yongerako ko ata dosiye n'imwe ibiro vy'umuhuza biriko birakurikirana.
Facebook Forum