Uko wahagera

Reta Nshasha y’Uburundi


Reta nshasha y'Uburundi igizwe n'ibice mirongo ine kw'ijana vy'abatutsi n'ibice mirongo itandatu kw'ijana vy'abahutu, nk'uko bitegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro no mu masezerano y'i Arusha.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza yarashinze reta nshasha agiye kurongora Uburundi mu myaka itanu iri imbere. Reta nshasha y'Uburundi yaraye itanguye ibikorwa vyayo icese kur'uwo wa mbere, igenekerezo rya mirongo itatu, ukwezi kw’umunani, umwaka wi 2010. Igizwe n'ibice mirongo ine kw'ijana vy'abatutsi n'ibice mirongo itandatu kw'ijana vy'abahutu, nk'uko bitegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro no mu masezerano y'i Arusha yashitsweko inyuma y'ibiganiro vy’Abarundi.

Igitigiri c'abashikiranga cavuye kuri mirongo ibiri na batandatu kija kuri mirongo ibiri n'umwe. Abakenyezi bahawe intebe icenda mur'iyo reta igizwe n'abashikiranganji cumi n'umwe bari basanzwe bakorana na Perezida Petero Nkurunziza muri reta yasubirijwe. Abashikiranganji cumi nibo bashasha.

Imigambwe itatu igize iyo reta ni CNDD-FDD, UPRONA na FRODEBU Nyakuri. UPRONA ifise abashikiranganji batatu iruhande y'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu. FRODEBU Nyakuri yahawe ubushikiranganji bw'intwaro ibereye. Abashikiranganji Alain Guillaume Bunyoni ajejwe umutekano mu gihugu, jenerari majoro Pontien Gaciyubwenge ajejwe kwivuna abansi na Ancilla Ntakaburimvo bitwa ko batari mu migambwe n'ubwo bizwi ko hariho imigambwe begamiye. Umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi ufise intebe cumi na zitatu iruhande y'umukuru w'igihugu n'icegera ciwe ca kabiri.

XS
SM
MD
LG