Uko wahagera

Burundi: Leta Yasabye Ababa mu Mahanga Gushyigikira Imigambi Yayo


Umushikiranganji w’ikigega ca reta, Domitien Ndihokubwayo, yashimye intererano y'Abarundi baba hanze
Umushikiranganji w’ikigega ca reta, Domitien Ndihokubwayo, yashimye intererano y'Abarundi baba hanze

Reta y’Uburundi yateguye indwi yahariwe Abarundi baba mu makungu. Abatari bake barimwo abanyeshure, abarwizatunga n’abakora mu mashirahamwe mpuzamakungu bitavye iyo nama iriko irabera i Bujumbura kuva kuri uyu wa kabiri.

Icivugo ngenderwako c’indwi yahariwe Abarundi baba mu makungu yatangujwe kuri uyu wa kabiri i Bujumbura ni “Uruhara rw’Abarundi baba mu makungu mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya reta”.

Ni igihe Abarundi baba hanze bahamagarwa buri mwaka, mu nama rukokoma y’indwi yose, bagasigurirwa aho igihugu kigeze n’imigambi mikuru mikuru yashizwe imbere.

Abitavye barenga 2 000. Barimwo abanyeshure, abarwizatunga n’abandi bakora mu mashirahamwe mpuzamakungu.

Umwitwarariko wa bamwe muri bo ni umutekano, ukworoherezwa mu kuzana imitahe yabo mu Burundi hamwe n’ukuronka ivyangombwa.

Icegera c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombaza yatanguje ivyo bikorwa arabahumuriza ko umutekano ari wose.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Albert Shingiro, na we yibukije ko Reta ataco idakora ngo yorohereze Abarundi baba hanze.

Mu bandi bitavye ivyo bikorwa harimwo abashikiranganji batandukanye n’abashingamateka.

Reta irashima intererano y’abo Barundi baba hanze. Umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo, yabigarutseko.

Mu bikorwa vyategekanijwe harimwo gutembereza abitavye ivyo bikorwa hagati mu gihugu. Ku rutonde rw’ahazogenderwa harimwo intara ya Muramvya.

Aha ni hamwe mu duce tw’igihugu hamaze igihe hibonekeza umutekano muke, abantu bagategerwa ku mababara canke bakicirwa mu bunywero. Inzego za reta zisigura ko ari akaryo ko kumara amazinda abo Barundi baba hanze ko umutekano ubu wagarutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG