Uko wahagera

Abazokwitoza Ngo Babe Abashingamateka Barangije Ihiganwa


Mu Burundi Imyiyamamazo y'abipfuza kuba abashingamateka yarangiye kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 21, ukwezi kw’indwi

Mu Burundi Imyiyamamazo y'abipfuza kuba abashingamateka yarangiye kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 21, ukwezi kw’indwi. Ku musi wa gatanu igenekerezo rya mirongo ibiri na gatatu ukwezi kw'indwi, niho Abarundi bashika ku miriyoni zitatu n'inusu bazokwitaba amatora y'abazoba bagize Inama nshingamateka. Imyiyamamazo yagenze gute? Igishasha c'iyo nama nshingamateka igiye gushingwa ni igiki?

Ku bijanye n'umutekano waranze iryo higanwa, tugereranije n'ihiganwa ryabaye mbere, ku matora y'umukuru w'igihugu, aho ama grenade arenga mirongo icenda yatewe, abanyagihugu bagatekerwa n'ubwoba, umutekano wari ushemeye. Ariko ico gikorwa caranguwe mu gihe imigambwe cumi n'ibiri itemera ivyavuye mu matora yo mu makomine, kandi ikaba yaciye ikura akarenge mu matora yakurikiye, ibandanije kurabana ribi no guterana amajambo n'umugambwe uri ku butegetsi. Imigambwe itatu: NDD-FDD, Sahwanya FRODEBU NYAKURI na UPRONA niyo yibonekeje cane muri iryo higanwa. Umugambe UPRONA wagarutse mu matora y’abashingamateka ariko wabanje gukura akarenge mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ihiganwa ry'abanyeporitike bahiganira ibibanza mu nama nshingamateka igiye gushingwa, ryerekanye ko umugambwe CNDD-FDD ufise inguvu gusumba iyindi migambwe, haba mu mafaranga akoreshwa canke abanywanyi bitaba amakoraniro atunganywa n'uwo mugambwe. Imigambwe UPRONA na Sahwanya FRODEBU NYAKURI nayo nyene yari yitavye iryo higanwa, ariko nti yashoboye kwerekana umwizero w’uko izoshikana nibura n’intebe cumi kw'ijana zisabwa kugira ngo ishobore kwinjira mu nama nshingamateka. Urunani gw'imigambwe mito mito bise "Celat Humura" narwo nyene ruri mu mahiganwa y'amatora y'inama nshingamateka, ariko iyo migambwe nti yashoboye kwimenyekanisha mu turere twose yari yiyandikishijemwo, kubera ubukene bw'amafaranga nk'uko bagiye baravyiyemerera.

Umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, asa n'uwamaze kwizigira intsinzi y'umugambwe wiwe, yihweje inguvu nke z'abo bahiganwa. Aho yaciye hose, nti yahengeshan kubwira abaje kumwumviriza ati "muratora n'abandi nti mutore umugambwe CNDD-FDD gusa". Abanyagihugu baritaba cane amakoraniro y'imigambwe, ariko abagiye baraganira n'Ijwi rya Amerika, bavuga ko amatora ariko arabarambira, kuko amatora yimirije kur'uyu wa gatanu agira gatatu, kuva mu kwezi kwa gatanu.Inyuma y'amatora y'abashingamateka hategekanijwe ayandi matora abiri, amatora y’abakenguzamateka, n'amatora y’abarongoye imitumba.

Inama nshingamateka igiye gutorwa izoba igizwe n'abashingamateka ijana mu gihe iyahahora yari igizwe n'abantu ijana na mirongo ibiri n'icenda. Abakurikirana ivyerekeye ikigega ca reta, basigura ko kugabanya ico gitigiri biri mu ntumbero yo kugabanya amafaranga inama nshingamateka ikoresha. Abanyagihugu bagiye bashikiriza abahiganira intebe ibibazo vy'ubukene, kubura akazi, umuyagankuba n'amavuriro bikwiye. Bagasaba ko uburimyi bwotezwa imbere bimwe biboneka, mu kuronsa ico gisata amafaranga akwiye. Abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika baraneguye abo batoye mu mwaka w'i 2005, bavuga ko batasubiye kubagendera, canke ngo babatorere inyishu z’ibibazo bafise.

XS
SM
MD
LG