Uko wahagera

Burundi: Iyandikwa ry'Urwaruka Rushomereye Rwarahejeje Amashure


Bamwe mu Rwaruka rwo mu Burundi Bateramiye ku ku Kibuguzo
Bamwe mu Rwaruka rwo mu Burundi Bateramiye ku ku Kibuguzo

Mu Burundi hagiye kwandikwa urwaruka rwose rwahejeje amashure rushomereye. Ico gikorwa kizotangura ku musi wa gatandatu w'iyi ndwi gihere ku musi wa mbere w'indwi iza.

Uwu mugambi uri muyo prezida Evariste Ndayishimiye yashize imbere igihe yarahiza Reta nshasha mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu. Amashirahamwe y'urwaruka arashima kino gikorwa. Ariko afise impungenge ko ikiringo kizorangurwamwo ari kigufi cane.

Abaserukira intara n’amakomine nibo bazobanza kwigishwa no gusigurirwa ingene igikorwa c’ibarurwa ry’urwaruka rushomereye kizogenda. Hazoba ari kuri uyu wa kane. Bazohurira ku mugwa mukuru wa politike Gitega ku baba mu ntara zo hagati, I Ngozi ku baba mu buraruko, mu Cankuzo ku baba mu buseruko, I Bujumbura ku baba mu karere k’uburengero hamwe n’I Makamba kubo mu bumanuko.

Ijwi ry’Amerika rimaze kumva rino tangazo ryaciye ribaza umukuru w’ishirahamwe AJAP riharanira itereambere nyafurika, rimwe muyahurikiwemwo n’urwaruko rwinshi mu Burundi uko ryakiriye iki gikorwa. Eric Nsengimana yavuze ko ari umugambi wo gushima cane. Ariko afise amakenga kw’irangurwa ryawo mu kiringo kigufi.

Umukuru w’ishirahamwe Folucon F rigwanya ikimenyane na ka mwana wa nawe abona ko iri barurwa rikwiye guheka ifutwa ry’uburambe mu kazi bwama busabwa iyo hatangwa utuzi.

Mu mwaka w’i 2017, ibiharuro vyatanzwe n’amashirahamwe y’urwaruka vyerekana ko ibice 55.2% vy’urawuka rwo mu mitumba ata kazi rufise mu gihe ababa mu bisagara bashomereye bashika ku bice 65.4%.

Ayo matohoza nyene yerekana ko mu Burundi abakiri bato aribo benshi: Abafise imyaka iri musi ya 25 ni 65% nayo abari musi ya 35 ni 75%. Rusansuma ya nyuma y’Abarundi yo muri 2008 nayo yerekana ko muri rusangi urwaruka rungana n’ibice 66% vy’Abarundi bose.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza, umumenyeshamakuru w'Ijiw ry'Amerika.

Ikibazo c'Ubushomeri Cifashe Gute mu Buurundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:40 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG