Uko wahagera

Burundi: Imyiyerekano Yiyamiriza Ibimenyeshamakuru vy'Ubufaransa


Bamwe mu Bakoze imyiuyerekano
Bamwe mu Bakoze imyiuyerekano

Bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, n’amashirahamwe yigenga yegereye ubutegetsi muri ico gihugu kuri uno wa gatandatu bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibinyamakuru vyo mu Bufaransa RFI, TV5 na Journal le Monde.

Iyo myiyerekano yabereye mu bisagara bitandukanye birimwo umurwa mukuru wa Politike Gitega n’uw’ubutunzi Bujumbura. Abayitabiriyebari bari bafise ivyapa vyanditse ko ngo :« Turateye ivyatsi ibimenyeshamakuru bikwiragiza ibihuha. Ni ibimenyeshamakuru bishigikiye abahatswe guhirika ubutegetsi mu 2015 na ba somambike babo. Turi inyuma ya Prezida Nkurunziza, aragowe uwuterekwa amahoro. »

Ibimenyeshamakuru vy'Ubufaransav yiyamirijwe inyuma y’ikiganiro biheruka guha umupfasoni Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom. Ni ikiganiro abegereye ubutegetsi bavuga ko cari gihengamye.

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Delahousse Laurent, yabwiye abamenyeshamakuru bari baje gukurikirana ivy’iyo myiyerekano ko yagerageje gusaba ijambo abayitunganije bakarimwima.

Ambasaderi Delahousse yasiguye ko iyo aza guhabwa ijambo yari kubwira abari mu myiyerekano ko: Amaradiyo yo mu Bufaransa aha ijambo impande zose, ko Ubufaransa bwubaha ubwigenge bw’Uburundi, kandi ko ubutegetsi bwo mu Burundi ari nkahamwe bwokwipfuza kubeshuza Barankitse, iradiyo RFI yiteguriye kubuha ijambo.

Avuganan’Ijwi ry’Amerika aho ari mu gisagara ca Ottawa muri Canada kuronswa agashimwe n’inama nshingamateka, Umupfasoni Marguerite Barankitse yavuze ko iyo myiyerekano yamuteye intege kandi atarota aheba kuvuga ibitagenda neza mu Burundi. Barankitse yagize ati : « Nopfuma mpfa hako mpemuka. »

Imyiyerekano yo kuri uno wa gatandatu ibaye inyuma yaho urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC, rugabishije ku wa mbere ko guhana iradiyo RFI kubera ikiganiro yahaye Marguerite Barankitse.

Nestor Bankumukunzi aramutswa CNC, yasiguye ko RFI yahengamye mu kureka Barankitse "Akifatira mu gahanga urwego rw'umukuru w'igihugu akongera agacafuza Uburundi n'inzego abicishije mu binyoma n'ibitutsi vy'agahomerabunwa" abamenyeshamakuru, ntibamusabe ivyemezo vy'ivyagiriji vyiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG