Uko wahagera

Burundi: Imwe mu Migambwe Ntiyishimiye Ibibanza Yahawe muri CEPI


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi ikorera mu ntara ya Gitega ntiyakira neza ingene ata bantu ifise mu murwi wigenga ujejwe amatora muri iyo ntara. Babishikirije kuri uno wa kane aho uwurongoye umurwi CENI yatangura gushira ahabona intonde z’abazotunganya amatora ku rwego rw’intara.

Urutonde rw’abantu 13 bagize CEPI Gitega bashizwe ahabona ku murwa mukuru wa politike mu Burundi. Ariko rero bamwe mu banyamigambwe ivuga ko ikorera mu makomine 11 agize intara ya Gitega baridoga ko ata muntu n’umwe yahawe mu murwi.

Eka na bamwe mu bari mu migambwe yaronkejwe abari mu murwi CEPI Gitega ntibashima ingene hari imigambwe atagikorwa na kimwe ikorera mu ntara ya Gitega yaronkejwe ibibanza muri uwo murwi.

Umukuru w’umurwi CENI avuga ko ishingwa ry’imirwi yigenga ijejwe amatora mu ntara ryubahirije ibisabwa n’amategeko nk’ubwoko n’igitsina agasigura ko kubona hari imigambwe itaserukiwe i Gitega iserukiwe mu zindi ntara.

Mu mugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega bo barashima igikorwa c’umurwi CENI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG