Uko wahagera

Burundi: Imiryango Irenga 200 Yasenyewe n'Imyuzura Irasaba Reta Kuyigarukirako


Mu Burundi, imiryango irenga 200 muri komine n'intara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu yarateshejwe izabo n'imyuzura yaturutse ku mvura nyinshi imaze imisi igwa muri iyo komine. Ababangamiwe kurusha abandi ni abatuye ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika.

Abategetsi bata ikosa ku bantu bubaka ahatabigenewe mu kutubahiriza imetero 150 ziteganywa n'abajejwe ibidukikije n'itunganywa ry'ibisagara n'amatongo zitegerezwa kuja hagati y'aho abantu bubaka n'ikiyaga.

Imiryango myinshi yo mu makaritiye atandukanye yo ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu, ubu ntigira aho ikika umusaya.

Iyitagira abayo ihungirako ubu yegeranirijwe mu kibanza kimwe co ku kigo c’imyuga caho. Bafise ubwoba ko bashobora guterwa n’ingwara iruhande y’inzara ibageramiye.

Aba banyagihugu bashima ko bakuwe aho bari batuye, bavuga ko hasa n’ahatungirwa inyamaswa bagasaba Reta kubagarukirako na cane cane ikabaronsa utuzu umuryango wose wobamwo. Bafise amakenga ko ibintu bigumye uku n’ingo zishobora gusambuka kubera abagabo n’abagore babo batandukanijwe.

Iki kibazo na Juvenal Nitereka ari muri komite y’umutumba mu Kanyenkoko kiramuraje ishinga. Amenyesha ko mu kurindira ko Reta ironsa ibibanza vyo kubamwo abomowe n’imyuzura ubu hariko hatozwa imfashanyo mu banyagihugu zo kubaramira.

Mu mwaka ushize, abantu barenga 600 bo mu makaritiye ya Kanyenkoko nyene, Swahili, Nkanyamba na Teba baromowe n’imyuzura y’amazi y’ikiyaga Tanganyika amazu yabo aratwarwa.

Si muri ayo makaritiye honyene, ico kibazo c’umyuzure kivugwa.

Kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka ushize, amazi ya Tanganyika yakomeje kuduga ku buryo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura naho nyene, imirimo imwimwe ikorerwa ku nkengera zaco yahagaze, imiryango itari mike irimuka.

Mu gihugu cose, mu mwaka ushize abantu bagera kuri 25000 barimuwe bitewe n’amazi ya Tanganyika yateye imihana yabo.

Iyi myuzure yanakoze kandi ku gice ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo aho hari ibarabara n’ubu ricuzuye amazi, izindi nyubakwa zitari nke nazo zikaba zarasenyutse muri Kivu y’ubumanuko, cane cane mu mu gisagara ca Uvira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG