Uko wahagera

Burundi: Imiryango 21 Igiye Gukurwa mu Byabo mu Rumonge


Imiryango 21 yo mu gisagara c’intara ya Rumonge ku mutumba Mugomere, ntigira ayo icira n ayo imira. Ibi ni kuva aho buramatari w’intara ya Rumonge afatiye ingingo yo kuyirukana mu ma Tongo ibayemwo. Iyo miryango ivuga ko ayo matongo yayahawe na Reta mu myaka yi 1979. Buramatari w’intara ya rumonge avuga ko atari reta yahabahaye yamara, ko bahihaye.

Amatohoza yakozwe n’abajejwe intwaro aho mu Rumonge mu myaka 2005 na 2010 yerekana ko umukuru w’igihugu J. Baptiste Bagaza akiri ku ngoma yari yarashizeho umugambi w’ibigwati kubw’iterambere ry’abanyagihugu.

Aho ku mutumba wa Mugomere, naho nyene mu mwaka y 1979, amatongo y’abanyagihu, yarasatuwemwo ibigwati. Iyi miryango 21 ivuga ko yaronkejwe amatongo, igihe ivyo bigwati vyajaho. Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Fidelite Ishatse afite ibisobanuro birambuye kuri iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:21 0:00

XS
SM
MD
LG